![]() |
Örebro Goes Global ni ishirahamwe ryishinze guteza imbere ibidandazwa vyo muri Suède bijanye cane cane mu gukingira ibidukikije mu buryo buhanitse biciye mu buryo bwo guhanahana amasoko yavyo kw'isi yose. Iryo shirahamwe rifise icicaro i Örebro muri Suède. Örebro Goes Global rikorana n'ayandi mashirahamwe asanzwe akoresha uburyo bwo guhingura umuyagankuba uvuye mu bidukikije nk'umuyaga, izuba n'ibindi. Ishirahamwe ryacu rigizwe n'abantu tuva mu mpande zitandukanye zo kw'isi, dufise ubuhinga buhanitse kandi butandukanye, tukavuga indimi nyinshi zirenga cumi na zitanu (32). Dufitaniye imigenderanire myinshi kandi myiza n'ibindi bihugu vyo kw'isi na cane cane Afrika, Chine, Inde, Etats Balatiques, ibihugu vyose vya bulaya, n'ibindi. Duserukira komine ya Örebro kandi tugakorana n'ishirahamwe ry'ubudandaji bwo muri Suède rijejwe ubudandaji hagati ya Suède n'ibindi bihugu, ishirahamwe ry'ubudandaji mu karere ka Mälardalen, intwaro y'intara ya Örebro, n' abandi. Turatanga inkuru mu mdimi nyinshi kuvyerekeye amahinguriro mashasha muvyerekeye ibidukikije. Turagerageza gutanga impanuro kugirango Leta n'amashirahamwe yigenga muri Swède bakorane neza ivyo bigaca bituma ayo mashirahamwe atera imbere. Turatunganya n'ingendo z'imigenderanire hagati y'amashirahamwe yo muri Suède n'ayandi yo mu bindi bihungu kugirango bungurane ubwenge n'ubumenyi kubintu vyose bitegekamijwe gutezwa imbere mu vyerekeye ibindukikije.
|
|||||||
![]() |
||||||||
|
||||||||
WWW.OREBROGOESGLOBAL.SE |
||||||||